A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Utujajuro

Utujajuro twa Samandari na Inarunyonga

Samandari

Babajije Samandari bati: mbe Samandari uvuye hehe?
Samandari ati: mvuye mu kuzimu guhinda umuyaga!

Bati: none uhasize iki?
Nawe ati: nsize ruserinkono ku ziko, yamara imboga zo kubukoza nataba wewe ni jewe!


Samandari yabuze umuntu, abaje kumufasha bati: zana isuka tumuhambe.
Nawe ati: baza uwo nyene ni we azi aho ayibika!


Samandari yashengeye i bwami bamuzimana imvuzo, agacira i mutwe arataha. Yashitse yenga impeke, ihiye aca arayinywa, afata imvuzo aba ari zo agemura i bwami.
Babibonye baramuhamagaye bati: ariko ga Samandari ukagemura imvuzo i bwami?
Nawe ati: nabonye ari zo mumpa nkagira ni zo mukunda.


ajouté par Em.Nd

Ajouter un commentaire:

Desclaude a écrit:
2009-11-21 09:41:18

Ico udashaka ko bakugirira ntukigirire abandi.Mbarira mwebwe Bakuru canke bato mutanga ico mwagaye.
Ndashiye bikomeye Em.Nd


jabikona a écrit:
2010-02-21 11:14:18

Imbere yuko ufata ingingo banza wishire mu kibanza c'abo uyifatira na canecane mugihe iyo ngingo yoba ariyo gucinyiza nyene canke bene kuyifatirwa.


samandaridjchris a écrit:
2013-05-01 06:28:44

Reka sha Samandari ararenze


ingabire a écrit:
2013-07-09 16:35:31

jewe shaka muzashireho imigani nyamigani iriya miremire please!


ingabire a écrit:
2013-07-09 16:36:33

narakunda samandari cane ubwo narindi muri primaire y'i Burundi


ingabire a écrit:
2013-07-09 17:15:18

samandali yarincabwege rwose,kabisa nibyo ico udashaka kobagukorera nawe ntukagikorere abandi.


ENOCK a écrit:
2017-02-12 13:35:43

HOBA HAKIRI BA SAMANDARI MU BURUNDI?


Innocento a écrit:
2017-02-22 20:59:19

ba samandari baracahari .bandany muduha n utundi!


Mots du jour

- Que veut dire "umwamikazi"?
- Que veut dire "umunwa"?
- Que veut dire "isaha"?
- Que veut dire "inyabu, akayabu"?
- Que veut dire "isake"?

Quoi de neuf? New

Maintenant vous pouvez ajouter des commentaires sur les utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.