Kiyago.com
Membres
Traduction
Autre
Contribuer
Imigani
(Ingona n'Isake igice ca kabiri)
Ba bakurambere na bo n’ishavu n’akantu baja kuraba ya sake, basanga yibereye i muhira. Ni ko kuyibaza igituma igambararira abagabo.
Na yo yikora mu gahogo: "Sinkarote ngaya abagabo!"
Abagabo bagabisha yompi
Abagabo bakingira abato
Abagabo ntibavugira Muvumbi ukumuvumba
Abagabo bagaba igihugu
Nararirimvye uko nabisabwe
N’akajwi nacuriwe n’abagabo
Abantu baravyuka ku mirimo,
Baravyuka barasubira.
Haje rugirigiri rwo mu ruzi
Ruza rwasamye, rugomba kundotsa
Ngo ndarwima amahoro,
Ndaruvyura rwiryamiye
Ngo ngasubira kurukura mu kanwa ruzondya.
Babantu bati: “Wodusubiriramwo?” Ya sake irasubira. Barongera bati: “Igereze aho! Nta kananira abagabo.” Ni ko gutumako ya ngona naya sake ngo vyagiranye. Ya ngona yabaye igishika ikubise ijisho ya sake irasama iyereka ivyinyo vyayo, eka n’abantu baragira ubwoba. Ya nkoko irasigura uko vyagenze, eka naya ngona ntiyatinye kwemanga ivyo yagize, kuko yari yishimikije igikenye(...)
Mots du jour
Quoi de neuf?
Maintenant vous pouvez ajouter des commentaires sur les utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.
2012-05-17 07:31:26