A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Imigani

Espace réservé aux récits historiques, épopées et contes didactiques

Ingona n'Isake I

Harabaye abantu babana mu mwumvikano ntangere. Maze rero mu gihugu biberamwo, harangwa ibikoko, vyaba ivyo batunze, ivyo mw’ishamba canke mu nzuzi. Vyose vyarabagamburukira. Abo bantu barakora cane, ariko muri bo bake bararyamira.


Naho nyene batari bwasubiranemwo bimwe biboneka, abazinduka baridogera abaryamira ko babatana ikivi, ngo babarya imitsi. Ariko kubera ko birinda ico cose coje kubaryanisha, ako kageso k’ubunebwe bagasinze amazi atararenga inkombe.


Abagabo n’abagore b’inararibonye bakoranije abantu bico gihugu bose, ngo barabire hamwe ingene bovyukira rimwe, bagatangurira ikivi rimwe. Abari ngaho bati: “ Muri mwebwe hasanzwemwo abavyuka kare, baraza baratuvyura.” Bose bati: “Ivyo birakwiye.” Ni ko kuja inama yo kuza baravyurana. Babigira uko babisezeranye rimwe, kabiri. Ariko ubwa gatatu agatiro karabatwara, ntibaba bakivyukira rimwe bose.


Babibonye gutyo bati turwanye nabi! Basubira gukorana kugira ngo barabe uko bobigenza . Umwe arababwira ati: “Jewe numvise inkoko ibitse ubwa mbere, nsisubira kugoheka. Ibitse ubwa kabiri, ubwa gatatu,buba bukeye. Nca ndaburabira mu rugi, nico gituma ntaryamira.” Abari ngaho bati: “Umuti turawutoye!”


Uwubakurira atumako isake. Nayo iramwitaba. Niko kuyica amahani ati: “Uzokwame uhengera umutwenzi ukitse, aho kubikira harya mu kabande uba, uce uja harya hejuru ya rura ruzi, uheze ubike cane abantu babone kuvyuka. ”Isake iti: “Muntumye gito kuko iyo mbitse mu mutwenzi, nca nezerwa, nkirirwa ndiririmbira.”


Nuko ikama ihengera harya umutwenzi ubadutse, ikikora mu gahogo igashira ijwi hejuru iti: “Kokoriko…! Muri urwo ruzi habamwo ingona. Iryo jwi ry’iyo sake ryarayimena amatwi. Ni ko gusokorora umutwe ikabwira ya sake iti: “Ntuze usubire kumena amatwi!”


Isake iragira ubwoba, yibwira iti nintabikira ngaha, abantu ntibazonyumva, ntibazovyuka, sinzobakira; ninabandanya mbikira aha na ho, iyi ngona izondya. Ni kwo gusubira aho yahora ibikira mu kabande. Ntibukeye, irabitse ntawavyumvise!


Abantu basubira kuryamira. Wa muntu w’inararibonye asubira gutumako ya sake, ati: “Urakenyeye ugambararire abagabo?” Na yo iti: “Sinkarote ndabagambararira, nari nagiye imuhira gusanganira mabukwe yari yaje kuraba abuzukuru biwe. Kandi arakunda aka gaho kanje.” Wa mutama ati: “Ntuze usubire gusiba kubira kuri urya mutumba, ahandi ho abantu bokwicwa n’inzara, kandi ntimwokiranya.”


Isake iragamburuka, ariko itekewe n’ubwoba. Yapfuye gusubira kubikira kuri wa mutumba, ingona ivunduruka muri rwa ruzi, n’ishavu n’akantu, iti: “Ariko wa kagabo we ntugayana uringana! Narakubujije kumvyura niryamiye, none ubandanya umena amatwi!”


Ya sake irayisaba ikigongwe, iyibwira ko yatumwe n’abagabo, kandi itashobora kubagambararira. Ariko ingona ntiyavyumvise, yaciye yihanikiriza iyo sake iyibwira iti: “Sinze nsubire kwumva uryogoye. Ukabirengako, nzokurya.” Isake iratinya iranuma.


Ba bantu nabo baguma biryamira, biba ku musi wa mbere, uwa kabiri, n’uwa gatatu. Bamwe bahora bavyura abandi babona ko ukwo gusinzira umukondora zosi kuzohava gukwega inzara mu gihugu. Baravyura bose, bavyuka bidogera ba bakurambere ngo ntibabwirije ya sake uko bikwiye(...)


ajouté par Inès

Ajouter un commentaire:

Mugisha a écrit:
2011-11-23 23:22:25

Uyu mugani uranshitse ku nyota, birakwiye ko abarundi dusubira kuyaga biciye mu migani, kuko bituma akaranga kacu katibagirwa, kandi be nutwo tugani turigisha cane ibibondo


shawa a écrit:
2012-05-17 07:40:06

ni vy'ukuri utugani nk'utwo turakenewe,kandi Inès Imana iguhezagire,wagize neza cane.


Emmy a écrit:
2013-03-24 18:58:47

mbega umugani!!!!! ariko harimwo amkosa bishoboka ko mwariko mwihuta nka: kandi arakunda aka gaho kanje aho kugira ngo ....agahogo kanje na wa mutama ati: ntuze usubire gusiba kubira kuri urya mutumba aho kugira....gusiba kubikira......


ingabire a écrit:
2013-07-09 16:50:54

ndawukunze cane,ariko njewe iyonzakuba isake nari kubibwira abakuru umunsi ingona yamburijeho ntatinze nagato,kuko iyoufise ikibazo ukabwira abantu,,birakorohera cyane


ingabire a écrit:
2013-07-09 16:54:08

ndawukunze cane,ariko njewe iyonzakuba isake nari kubibwira abakuru umunsi ingona yamburijeho ntatinze nagato,kuko iyoufise ikibazo ukabwira abantu,,birakorohera cyane


Pius.Sibazuri a écrit:
2016-01-13 13:10:11

Uy'umugani Nisamwiza Kandi Ndawukunze Ufise Icigisho Gihambaye .Mugabo Jewe Ndi Isake Narigutaka Abagabo Nkababwira Ingorane Mfise.Erega Iyo Ngona Mwobura Muyirya Hako Ituma Mutazindura Kumirimo


ndayikeza.sedric a écrit:
2016-06-25 01:56:54

twongere akandi sha!


Astere a écrit:
2016-10-26 11:36:05

Uyumugani Ni Mwiza Cane Mengo Narawusomy Mumwaka Wicenda Numva Urashits Kumutima


ETIENNE a écrit:
2017-02-06 08:14:34

iyo nsake yagize amadidane yo kumenya uwusumba uwundi hagati y'ingona n'abantu.kandi ntiyahagarariye akamaro k'igikorwa yar yahawe kuko abantu bokira inzara arko ingona ikamenyera urwamo ntaco vyotwara


John a écrit:
2017-10-20 04:25:38

Ikiriho Abantu Bose Bokora Barindiriy Uwubanza Kubinginga


Mots du jour

- Que veut dire "nyoko"?
- Que veut dire "Umubiri"?
- Que veut dire "gusosa"?
- Que veut dire "amahembe"?
- Que veut dire "umwungere"?

Quoi de neuf? New

Maintenant vous pouvez ajouter des commentaires sur les utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.