A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Uzoca unsubizamwo amagufa yanje!

Adamu yabonye vyamunaniye kubana n'umugore, aca aja kwitwara abwira Imana ati: "Wa mugore wampa yananiye ntitugishoboye kubana". Imana nayo iramubaza iti: "Vyifashe gute kugira urinde uvuga uko"?


Adamu asubizayo ati: "Asigaye ari intagondwa, ataha ijoro kandi araborerwa cane, nagira ndavuga akantuka bimwe atawobisubiramwo". Ni ho rero Imana yabaza Adamu ico yifuza, nawe ati: "Nshaka unkuremwo irindi gufa urirememwo uwundi mukenyezi abe ari we twibanira ngira ngo wewe azoba yigenza neza".


Imana iramwitegereeeeeza irumirwa, ihava iramubaza iti: "None uwo nawe nivyanka ko mubana bizoca bigenda gute"? Nawe ati: "Ivyo biroroshe uzoca unsubizamwo amagufa yanje yose nsubire kwibana jenyene nka kumwe kwa mbere"!



ajouté par Em.Nd

Ajouter un commentaire:

Mbutuye a écrit:
2010-06-24 07:18:32

hahahahaha amagufa azohahonera.


Queen a écrit:
2011-08-17 07:04:46

ubu ndumva igituma abagabo bakeneye abagore benshi, bategerezwa kuba bafise ayandi magufa tutabona, umugore wese amuha rimwe!


S_.3 a écrit:
2011-08-26 07:49:19

Nashaka kumenya intumbero n'inyigisho utwotujajuro twoba dutanga, ahanje mbona umengo umuntu yogirako atanga impanuro zigarara (Pratique)mu buzima bw'abantu.
Furera Jean-Marie Vianney


kayanza a écrit:
2012-06-03 21:06:32

none bigenze,nkuko arinkawe wobigeza,gutu duhe impa n,uro natwe twumvireho murakoze yari Emmanuel nduwimana


sadock a écrit:
2014-10-31 06:56:09

Uzosigara atacufise ndake!!!


chris a écrit:
2015-05-31 09:11:09

ihangan sha adamu ndaj tumuhan ever


chinois a écrit:
2015-08-23 14:57:50

warakoze cane kuriyo nkuru iranezey gose kand irigisha.


Martin a écrit:
2016-01-16 06:08:22

Hahahahaha!Amagufa azohava amuheramwo.


Cizero a écrit:
2016-04-09 07:47:06

Umuti nuko umugabo yoguma ari wenyene abagore barakorogana.


Mots du jour

- Que veut dire "umukate "?
- Que veut dire "uruhindu"?
- Que veut dire "ubwato"?
- Que veut dire "gushangashirwa"?
- Que veut dire "kwibuka"?

Quoi de neuf? New

Maintenant vous pouvez ajouter des commentaires sur les utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.