Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Uguhekenya imisaya canke kutayihekenya harimwo indwara?

Umukobwa yagiye kwabirwa mu ntara atavukamwo, akaba yahora yumva ngo abantu baho bose barahekenya imisaya ku buryo n'abana bayihekenya kuva bakivuka.


Yararonse ikibondo adatevye, kandi yaritwararika kuraba ko uwo mwana atangura guhekenya imisaya nka se. Umwana amaze amezi atatu nyina yahavuye amujana kwa muganga ngo amusuzume ko akomeye nk'abandi.


Yaramwiganiye ingorane zatumye aja kumuvuza, ati uwu mwana arinze angana uku atazi guhekenya imisaya nk'abandi none nashaka undabire ko ataco abuze. Umuganga n'aho yari imvukira yaho vyaramugoye ingene amusigurira ko ata mwana muto ahekenya imisaya kuko yabona uwo mukenyezi vyamuteye amaganya.


Niho muganga yamwibarisha ati: "none yoba akunda gutwenga kenshi"? Wa muvyeyi ati: "bimushikira gake cane". Muganga asubizayo ati: "ntaco ko atari igishinyirabusa azovamwo umugabo". Arabandanya ati: "niyamara kumera amenyo yose azoca atangura guhekenya imisaya nk'abandi".


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Smart yanditse:
2019-09-09 14:55:44

Hah naban basgy bahekeny imisay


Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.