Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Ukunyerera si bibi?

Hari intara abantu baho bakunda kurenga ibigo, bagiye kwirega bakavuga ngo baranyereye. Kubera ko kw'iparuwasi yabo hari umupatiri w'umuzungu atashobora gutegera iyo mvugo bakoresheje narirya kuri we rwari ururimi yize kubera amabanga ajejwe rutari urwiwe.


Yibaza ko banyereye mu gihe haba haguye imvura. Yarabahezagira ati genda n'amahoro murarekuriwe ibicumuro vyanyu!


We yibaza ko ari ukudatahura bakirega n'ibitari ibicumuro. Uko imisi yagenda ni ko yumva abirega uko baguma baba benshi, mbere bakaguma bisubiriza. Arateba abisigura mu misa, kugira abumvishe ko kunyerera atari igicumuro.


N'amazina ya bamwe bamwe mu bireze uko, na cane cane abatwara ico gihe muri iyo ntara, yarayashizeko. Ati: "Abakristu b'ino murakunda kunyerera. Umuganwa naka yarireze ko yanyereye gatanu, umutware naka nawe kane..... Kunyerera si bibi bakristu! Si igicumuro! Munyereye muce muvyuka!


Abantu bakuze bariko bararya ivyatsi ko abamaramaje, abana bo bitwengera ko barusha abakuze kumenya kwirega. Nawe niwayaga n'uwutumva cane ururimi ukoresha ntukoreshe imvugo ifobetse kuko wohava ukwega ingorane.


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

kaneza yanditse:
2009-04-02 20:13:23

Très drôle :)
Izo nkuru muzikura hehe?


Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.