Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Uwuzana imfungurwa azane n'amazi

Umugabo yafashe urugendo buramwirirako, asaba indaro aho ageze. Ariko n'aho bene urugo bemeye bakamuha indaro ntibanezerewe kuko bari mu bukene bakabona ko bataronka imfungurwa bamuha narirya nabo bataronka ibibakwiye.


Ni ho bigira inama yo kumurungika kuryama ngo abe araruhuka, kuko bizera ko uburuhe afise butuma aca asinzira bagahava bafungura atumva ivyo bariko barakora. Ariko inzara n'inyota yari afise ntivyamukundiye gutora n'ak'imbwa!


Ngabo bararitse, baracumvye, kuko imboga zo zari zahiye kera, nawe yigira uwusinziriye ntiyakoma akatsi. Yari agifise icizere ko bahishije baja kumuhamagara agafungura. Nayo amazuru y'uwushonje umengo aguma arangaye, ntiyari gutora agatiro kandi indya ziriko ziramumotera. Yagumye arindiriye ko hagera gufungura ngo bamurye akara.


Ariko yaratangaye cane kuko hageze ko bafungura, ico bakora cose barasoboka ngo ntibamukome. Barakaravye, barafungura, harya bagejeje hagati amaze guhebura agategera ko batakimuhamagaye, aca arikoroza, ati: "uwunzanira imfungurwa aribuka azane n'amazi yo kunywa!"


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "chanter"?
- Bisigura iki "Nez"?
- Bisigura iki "partager"?
- Bisigura iki "kur'ubu (kuri ubu), hari n'aho"?
- Bisigura iki "glander"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.