Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Inkoko zamenye ko nakize?

Umugabo yaratinya ibikoko birenze urugero, na cane cane inkoko kuko azibonye yibaza ko zigiye kumunoba agaca ata induru ku munwa, akiruka ahunga ngo ntizimunobe. No mw'ijoro yari asigaye azanzamuka akoma induru ngo inkoko ziraje kumunoba.


Ab'iwabo bahavuye bibaza ko arwaye mu mutwe baja kumuvuza. Amaze igihe mu bitaro ntiyabaye akizanzamuka kandi nta n'induru yakoma ngo inkoko ziramunoba kuko atazo yaheruka kubona.


Kwa muganga baciye batumako ab'iwabo ngo baze kumutahana ko yakize. Ariko yaciye agarukira hagufi, abwira umuganga yahora amuvura ati: "Ndatashe kuko ndumva ko nakize. Ariko ndakubaze! Ubwo inkoko zose zamenye ko jewe nakize?"


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.