Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Yacitse umusuma mu rugo iwe

Umugabo yagiye mu kabare, urukanywa rutanguye kumushika agomwa umumaraya, aramusororera nawe arashima. Rumaze kubafata sawa sawa bakweganye baja muhira kwa wa mugabo, ariko akaba yari afise umukenyezi mu rugo.


Wa mumaraya akenge karavyuka ati: "ko unjanye iwawe kandi wavuze ko ufise umugore bigenda gute?" Wa mugabo asubizayo ati: "umugabo aguma ari umugabo, umugore ntaco ambuza mu rugo iwanje".


Barakweganye barashika, umugore agitamariwe abona babandanije baja mu cumba c'uburyamo, aca ayihereza akaganza ati: "kura ngaho iryo shano ry'umumaraya ntimugenda mundyamiye ku matela, nimba wasaze muba mwaja kugokera ahandi ntukwege uzana ngaha".


Umugabo yigize uwutavyumva, ariko ababanyi baciye bashwabaduka kuraba igitumye haba induru. Uwo mukenyezi yarabiganiye ibibaye, baca baramurindisha bati injira ubasohore ntibaharyame baragapfa batabaye abantu.


Uwo munarugo yinjiye avuga cane gusumba uko yamye, wa mumaraya aca asohoka nk'umwampi ngira n'ubu araciruka ahunga kuko yabona ko agira akubitwe bikomeye. Wa mugabo we yasohotse akankamira umugore ati: "iyo matela yawe wishimira urazi ko noyiturira aho uja kundenza urwamo"? Mukiwe ati: "wotuma uyiturira hako uza kuyiryamikako amasato ushaka gukwegera ngaha".


Yaciye asubira mu nzu, ba bantu bose bakiri ngaho mu rugo barindiriye ibigira bibe. Bakiriko baribaza ko yoba yabuze ikibiriti, we yariko arondera imigozi yo kuyitekera, bagiye babona ayiremetse, arakuzamwo ariruka. Bose baciye bamuha induru, bamuja inyuma bati: "fata igisuma fata igisuma ntikibajane ntikibajane"!


Abamutangiriye baciye batangura kumuvuza amahiri, yagize Imana ko abariko baramwirukako baciye bahashika bati: "izo mumukubise ziramaze mureke turamwihanira".


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "chanter"?
- Bisigura iki "Nez"?
- Bisigura iki "partager"?
- Bisigura iki "kur'ubu (kuri ubu), hari n'aho"?
- Bisigura iki "glander"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.