Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Hari itohoza ryo kurondera uwoba yarishe Yezu!

Abakatekumeni bari bageze kubazwa ngo barabe abazobatizwa kw'ipasika, uwa mbere yinjiye kubazwa kwa patiri amubaza ati "ni nde yoba yarishe Yezu?" Wa mukatekumeni ati "mbe ntazi uwishe data nomenya uwishe Yezu ari umunyamahanga ntazi n'iyo aturuka canke iyo yapfiriye!" Patiri ati genda ntiwize neza, vyaciye mu gutwi kumwe biseruka mu kundi.


Abonye ko ikibazo kimunaniye yahise abwira abandi ati "bwa bundi ibintu vyakomeye, hano hari itohoza ryo kurondera uwoba yarishe Yezu. Uwuguma ngaha ntambaze aramenya ico yishura."


Bose baciye batungwa n'ayo bameze, n'uwumugaye yaciye yikora ku bibando vyiwe, arakuzamwo ariruka. Patiri yararindiriye ko uwugira kabiri yinjira arabura, ahava arasohoka kuraba igituma babigize uko asanga nta n'umwe ahasigaye.


Yaciye ahamagara umukozi yariko araharura ivyatsi mu kibuga, amubaza iyo abari batonze kubazwa baroye, nawe amwishura ko uwavuye mu biro iwe yasohotse akababwira ko hari itohoza ryo kurondera uwoba yarishe Yezu, bose bagaca bakura meza, ati "n'uwumugaye nguriya ageze ku metero amajana atatu, abandi bo baja bashitse iwabo."


Patiri yasigaye yumiwe yibaza ingene abantu baguma mu bujuju bakavuga ko bashaka kubatizwa kandi n'ivyo biga batabizigama.


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.