Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Umusi yaba nari ndwaye amenyo!

Umutama yagiye kwa Patiri amusaba ko be n'umugore wiwe yobabatiza, nawe ati uraza wige hanyuma ubatizwe. Ikiringo yabahaye co kwiga kirangiye, uwo mutama yaraje kubazwa kugira ace iyo batisimu.


Ikibazo ca mbere Patiri yamubajije ati mbega uremera ko Imana ari imwe rudende? Umutama ati ego cane patiri ndavyemera. Arasubira amubaza ica kabiri ati vuga inama y'abatumwa. Umutama yariyumviriye ivyo ari vyo arabura, arateba yikurayo ati untabare umbabarire, igihe iyo nama y'abatumwa yaba nari ndwaye amenyo, natumye umugore wanje ngo abe ari we anserukira. Reka rero ngende kumuzana abikubarire kuko ni we abizi.


Ubwo weho inama y'abatumwa urayizi? Ni ca gisabisho ca ndemeye.......!


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "chanter"?
- Bisigura iki "Nez"?
- Bisigura iki "partager"?
- Bisigura iki "kur'ubu (kuri ubu), hari n'aho"?
- Bisigura iki "glander"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.