Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Kirakanye canke kirashushe?

Umugabo yavuye mu gihugu hagati aja kurondera akazi i Bujumbura ariko arateba kukaronka. Ku mugoroba yariko arayebayeba mu Buyenzi mugabo inzara yari imubangamiye cane. Sinzi ingene abonye ahicaye abantu benshi agira ati hinge nanje nje mu bandi harya hategerezwa kuba hariho ibifungurwa biryoshe ko bahahurumbira ari benshi.


Yarashitse aricara ahava arabaza ati mbe aha hari iki? Uwo abajije amwishura ati hari ikiriyo. Wa mumanuka atazi igiswahili ntiyatahuye ivyo ari vyo, aca abaza ati kirashushe canke kirakanye? Abona noneho nta nyishu asubiye kuronka, aca avuga ati basi nimumpe uko kiri kose mpfe kwirira jewe ndashonje.


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.