Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Ehe ya sake ntarayibaga ndaka.....!

Umupatiri yarasumye isake, bukeye ayihereza umukozi ngo ayitegure kugira ngo ave gusoma imisa asanga ihiye ayifungure.


Yabaye acinjira mw'isakirisiya kwitegura, umuboyi nawe aca afata imbugita ngo akerere ya nkoko ariko ica iramwiyaka iraguruka. Yaruhukiye hejuru ya Alutari, n'ubwoba n'akantu ko icitse kw'icumu ntiyakakaje. Umukozi nawe ntako yari kubigira kuko ntiyari kuja kuyikoma kandi abakirisu benshi bari bamaze gushika mw'isengero. Ntiyaronse n'ingene abimenyesha uwo mupatiri.


Patiri ajako arahereza inkuka y'imisa, ageze kw'ikiriza ararangura umugirwa nk'uko yahora. Hamwe akirije ikarisi, arangamije asubiramwo amajambo ya Yezu ati: "Akira munywe mwese, iyi ni ikarisi y'amaraso yanje aja gutangwa ku bwanyu..."


Ntiyashoboye kubandanya ayo majambo kuko yaciye abona ya sake hejuru yiwe, ukuboko kumwe kuguma hejuru gufashe ikarisi ukundi aguta ku munwa, ati: "Hubbbbbbbbbb!.......Ehe ya sake ntarayibaga ndak.........."


Abakirisu baguye mu gahundwe ntibakuyeko umunwa, kiretse abana batoyi batashobora kwiyumanganya batwengera rimwe, nawe aca yibuka igikorwa yariko asaba imbabazi arabandanya.


Yibutse kuyora yasheshe kandi n'aho yabandanije umutima ntiwari hamwe narirya yari yiteguriye kurya akaryoshe agasanga asubira kurindira umwanya munini kugira agashikire.


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.