Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Abagore ngo bavuga amajambo menshi!

Umugabo yakunda kubwira umukenyezi wiwe ko abagore bavuga amajambo menshi cane bikaruhisha abagabo, nawe ati uko ni ukurondera kudurtyoza ubona ko ata kabi mutaturemeka.

Umusi umwe uwo mugabo aca ataha afise ikinyamakuru canditswemwo ko abagabo ku musi bavuga amajambo 2.000 nayo abagore bakavuga ayarenga 4.000.

Uwo mukenyezi yaciye abwira umunega wiwe ati erega mwebwe abagabo iyo muriko muganira n'abagore bumva ningoga ivyo mubabwira, ariko twebwe iyo tubabwiye ibintu turaruha kuko turinda gusubiramwo kabiri canke gatatu kugira mutegere ivyo tubabwiye.

Wa mugabo ati none uvuze ngw'iki? Wa mukenyezi ati ntiwumva ko n'ubu ndinda gusubiramwo kugira utegere ivyo nariko ndakubarira!


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.