Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Ngiye kwimenya ni yo ndero naronse!

Umuhungu wa Samandari yasavye se ngo amukwere kandi amuhe n'itongo nk'uko n'abandi bavyeyi babigirira abahungu babo, nawe ararahira arata agati.

Wa muhungu abwira se ati aho ivyo vyose ubigira kubera uriko urarya itongo ushaka kuryisangiza wenyene?

Samandari yaciye yishura uwo mwana wiwe ngo uba wavuka kuri abo bavyeyi bandi jewe ukamvako, ahubwo mbere mba mfise vyinshi iyo utaba waguma urya ivyanje. Urimenya kuko na jewe ntawankwereye kandi nta n'itongo nahawe n'uwamvyaye.

Umuhungu agacira i mutwe aragenda. Haciye imisi yaracikije, se abimenye aca aramutatira ngo aramumaramaje, ngo yari kubanza kumugisha inama. Nawe aca amusubiza ati: "Aho narinda kukubaza weho warangishije inama aho warongora? Ngiye kwimenya kuko ni yo ndero naronse"!


vyanditswe na Em.Nd

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.