Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Ndayaterera hejuru Imana akakira ayasigaye ikansubiza

Umu patiri yatumiye bagenziwe babiri mumusi mukuru kw`i paruwasi iwe, vyabaye kera baramubaza bati: "Weho ubi genza ute kugire uronke amahera nkaya?" nawe ati : "aba kirisu banyu ntibatanga imperezwa?"

Bose bati ego barazitanga, nawe ati none muca mubigenza mute? Uwambere ati: "Jewe ncanca umurongo nkaheza ngaterera hejuru, ayagwa i buryo nay' Imana iy'i bubamfu ni rwanje." Uwundi ati: "Jewe nca umuzingi ayaguye indani nay`Imana ayagiye hanze yawo nayo ni rwanje"

Wawundi yabatumira acababwira ati: "ntiwumva ko mwiba imana nico gituma mudatunga, jewe ndayiha yose ayishaka ikagumya ayagarutse nayo iba impebeye  acaba rwanje."


vyanditswe na Audrine

Gira ico mubivuzeko:

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "bonne nuit"?
- Bisigura iki "Rapport (Rapports)"?
- Bisigura iki "don"?
- Bisigura iki "cloture"?
- Bisigura iki "livre"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.