Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Ukwiyahura biragoye!

Umugore yabonye ngo ubuzima bwamunaniye, aca yigira inama yo kwiyahura. Umunsi uri izina aritora mu gaturuturu azindukira ku ruzi ngo arwirohemwo. yagiye atwaye impuzu nziza yari afise kuko atashaka ko hari uwundi azozambara . 
 Ashitse ku ruzi yabanje gutereramwo impuzu yari afise yagiye atekeye, n’izo yari yambaye arateba arazikura azitayo. Aho hose yatayo impuzu imwe imwe aguma yitegereza ingene umukuba w’amazi uzitwara. Yagize aho yokwisutse muri urwo ruzi, aca aratinya ko aja gupfa nabi rubanje kumucura rumucuranguza kuko yabonye ingene impuzu zatwarwa nabi. Kandi kubera yari asigaye uko zamuremye yaciye yumva imbeho yo mu mutwenzi imurembeje, abona ko n’amazi akanye cane ataja kwubahuka kuyajamwo.
 Yaciye akaraba mu ntoke yihumura no mu maso, afata inzira asubira i muhira. Ariko vyaramugoye kubera yari uko zamuremye, aca yigira umusazi yambara imitoto.
 Yamaze iminsi adakakaza, ariko arateba aravyombokereza umugenzi wiwe ingene vyamugendeye.
 Ukwiyahura ntikworoshe, ni ho n’abiha umugozi usanga bapfa bariko bagwana nawo ngo bawigobotore bitagikunda. We yagize Imana arasiba!

vyanditswe na Em.Nd


Gira ico mubivuzeko:

kinabor yanditse:
2010-03-25 07:33:23

Hiyahura uwarozwe


Egide yanditse:
2017-01-12 09:58:01

Harya Akiva Muhira Yagira Ngo Biroroshe!Ko Yafash Akanya Ko Kwiyumvira Ntivyari Bigikunda. Ntawoza Aratwarwa N'ibibazo Vy'ubuzima Kuk Umuntu Apfa Hageze!


Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "chanter"?
- Bisigura iki "Nez"?
- Bisigura iki "partager"?
- Bisigura iki "kur'ubu (kuri ubu), hari n'aho"?
- Bisigura iki "glander"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.