Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Garuka garuka ubumwe buzogira uwushaka!

Umugabo yarubakanye n'umugore bamarana imyaka myinshi ariko ntibaronka ikibondo. Yamara umubano mwiza bari bafise wari igitangaza, ari naco catuma umugabo atitwararika cane ivyo kurondera ikibondo.


Umuryango w'uwo muryango waguma umutota ngo yirukane uwo mugore akabima amatwi kuko yabona ata wundi mugore boshobora kwumvikana nk'uwo. Yamara baratevye baramuremera aruhira kubumvira ... [ ibikurikira ]


vyanditswe na Em.Nd - Ivyongeweko(0)

Umusi yaba nari ndwaye amenyo!

Umutama yagiye kwa Patiri amusaba ko be n'umugore wiwe yobabatiza, nawe ati uraza wige hanyuma ubatizwe. Ikiringo yabahaye co kwiga kirangiye, uwo mutama yaraje kubazwa kugira ace iyo batisimu.


Ikibazo ca mbere Patiri yamubajije ati mbega uremera ko Imana ari imwe rudende? Umutama ati ego cane patiri ndavyemera. Arasubira amubaza ica kabiri ati vuga inama y'abatumwa. Umutama yariy... [ ibikurikira ]


vyanditswe na Em.Nd - Ivyongeweko(0)

Kirakanye canke kirashushe?

Umugabo yavuye mu gihugu hagati aja kurondera akazi i Bujumbura ariko arateba kukaronka. Ku mugoroba yariko arayebayeba mu Buyenzi mugabo inzara yari imubangamiye cane. Sinzi ingene abonye ahicaye abantu benshi agira ati hinge nanje nje mu bandi harya hategerezwa kuba hariho ibifungurwa biryoshe ko bahahurumbira ari benshi.


Yarashitse aricara ahava arabaza ati mbe aha hari iki? Uw... [ ibikurikira ]


vyanditswe na Em.Nd - Ivyongeweko(0)

Urupapuro: « < 1 - 2 - 3 - 4 - 5 - 6 - 7 - 8 - 9 - 10 > »

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "sur"?
- Bisigura iki "Quatre-vingt-dix"?
- Bisigura iki "lui (elle)"?
- Bisigura iki "bouteille"?
- Bisigura iki "Rectangle"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.