Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Akanywababo

Espace réservé aux blagues, humour et histoires drôles

Uwuzana imfungurwa azane n'amazi

Umugabo yafashe urugendo buramwirirako, asaba indaro aho ageze. Ariko n'aho bene urugo bemeye bakamuha indaro ntibanezerewe kuko bari mu bukene bakabona ko bataronka imfungurwa bamuha narirya nabo bataronka ibibakwiye.


Ni ho bigira inama yo kumurungika kuryama ngo abe araruhuka, kuko bizera ko uburuhe afise butuma aca asinzira bagahava bafungura atumva ivyo bariko barakora. Ariko ... [ ibikurikira ]


vyanditswe na Em.Nd - Ivyongeweko(0)

Mwebwe ntawe muzi!

Umugabo umwe yari impambazi cane, umugore wiwe akamana ubwoba kuko amwegereye yaca amukubita canke akamutera imigere.


Uwo mugabo yahavuye arwara cane aja mu bitaro, aranka ko umugore wiwe amurwaza kandi nawe nyene ntiyari kuvyemera kuko yagumana ubwoba bwo gukubitwa, aca arwazwa na mwenewabo.


Umurwayi yahavuye yitaba uwamuremye, umurwaza yiruka guhamagara umuryango... [ ibikurikira ]


vyanditswe na Em.Nd - Ivyongeweko(0)

Inkoko zamenye ko nakize?

Umugabo yaratinya ibikoko birenze urugero, na cane cane inkoko kuko azibonye yibaza ko zigiye kumunoba agaca ata induru ku munwa, akiruka ahunga ngo ntizimunobe. No mw'ijoro yari asigaye azanzamuka akoma induru ngo inkoko ziraje kumunoba.


Ab'iwabo bahavuye bibaza ko arwaye mu mutwe baja kumuvuza. Amaze igihe mu bitaro ntiyabaye akizanzamuka kandi nta n'induru yakoma ngo inkoko zir... [ ibikurikira ]


vyanditswe na Em.Nd - Ivyongeweko(0)

Urupapuro: « < 1 - 2 - 3 - 4 - 5 - 6 - 7 - 8 - 9 - 10 > »

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "enfant(s)"?
- Bisigura iki "Quatre-vingt-dix"?
- Bisigura iki "pipe"?
- Bisigura iki "toi"?
- Bisigura iki "avocat"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.