Abanywanyi

A  B  C  D  E  F  G  H  I  J  K  L  M  N  O  P  Q  R  S  T  U  V  W  X  Y  Z 

Kaze kuri Kiyago.com


« Muri Afrika iyo umuhumure asezeye isi, ni nk'ububiko bw'ibitabu buba buhiye » vyanditswe na Amadou Hampâté Bâ. Mbe no mu Burundi vyoba ariko bimeze? Hoba hari kazinduzi zingahe mu rurimi rw'ikirundi?


Umugambi wa Kiyago.com ufise intumbero yo gushira kazinduzi ku murongo w'ingurukanabumenyi (internet) mu kirundi no gutororokanya amazina, ibisokozo, utujajuro, imigani n'ibitito... vyavugwa cane cane n'abakurambere mu buryo bwo guhanahana amakuru, kugira bishirwe ku murongo wa internet aho abantu bose bobironka.


Umugambi wa Kiyago ufashwe mu mugongo n'abanyeshure babiri bo kuri Kaminuza y'i Ngozi: Mlle Inès Josée Mpundu hamwe na Mlle Alyda Umuvandimwe. Igikorwa cabo co guheza amashure ya kaminuza kikaba citwa « URUHARA RWO GUHINDURA INDIMI MU BIMENYESHAMAKURU »


Imfashanyo yanyu, nk'abarundi, irakenewe mu gutunganya Umugambi Kiyago. Mushobora guterera ivyiyumvyiro canke guterera insiguro y'ikirundi.


Umukuru wa Kiyago
Aimé Blaise I.


Mu misi ya vuba, dufise intumbero y'ukwongerako kazinduzi no muzindi ndimi. Muratugendera kenshi kugira mumenyereho vyinshi. Mushobora guterera ivyiyumvyiro, guterera insiguro y'ikirundi canke gutanga imfashanyo.

Ijambo ry'uno musi

- Bisigura iki "chercher "?
- Bisigura iki "août"?
- Bisigura iki "question(s)"?
- Bisigura iki "asseoir (s'asseoir)"?
- Bisigura iki "quarante"?

Ibishasha! New

Ubu mushobora kugira ico mwongeyeko k' utunywababo, utujajuro, ibisokozo, imigani.